Uko wahagera

Al-Shaba yagandaguye abantu 5


Alshabab Attack
Alshabab Attack

Ku musi wa mungu abagwanyi ba Al-Shabab bakorera muri Somaliya bagandaguye abantu batanu harimwo n’umwana w’umuhungu w’imyaka cumi n’itandatu. Abo bagwanyi bagiriza abo bantu kuba basumera urusaku abasirikare ba reta ya Kenya, aba reta ya Amerika n'aba reta ya Somaliya.

Uwo mwana w’umuhungu n’abandi bagabo bane, bagandaguwe k’umugaragaro hakoreshejwe inkoho mu kigwati ca Idale, ku birometero 60 mu bumanuko bwa Baidoa. N’inyuma yaho umucamanza wa al-Shaba abaciriye urubanza avuga ko bemeye ivyaha bagirijwe.

Al-Shababa imaze kwica k’umugaragaro abantu 22 muri uyu mwaka wi 2017. Icenda muribo, yabagandaguye ku vyagirizo vy’ugusuma urusaku.

Abandi bagirijwe ivyaha birimwo ugufata kunguvu, n’ayandi mabi ajanye n’ubushurashuzi, hamwe n’ukwonona amatungo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG