Uko wahagera

Umuriro Wahitanye Ubuzima bw'Abantu 37 muri Filipine


Umwotsi w'inyubakwa zo kudandarizamwo zatse umuriro mu gisagara ca Davao, muri Phillipines kw'ignekerezo rya 23 ry'ukwezi kwa 12
Umwotsi w'inyubakwa zo kudandarizamwo zatse umuriro mu gisagara ca Davao, muri Phillipines kw'ignekerezo rya 23 ry'ukwezi kwa 12

Abantu bagera kuri 37 barahitanywe n'umuriro wadutse mw’iduka rinini riri mu gisagara ca Davao mu bumanuko bwa Filipine kuri uno wa gatandatu.

Umukuru w’igisagara ca Davao, Sarah Duterte-Carpio, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko kubera imyotsi myinshi, abajejwe kuzimya imiriro mu gatondo k’uno wambere batari bwashobore kwinjira muri iyo duka.

Abahitanywe n’uyo muriro uko ari 37, bakorera ikigo c’Abanyamerika kijejwe kwiga itangwa ry’amasoko “Research Now SSI”. Ico uwo muriro waturutseko kugera n’ubu ntikiramenyekana.

Aho muri Filipine nyene , abajejwe gutabara barabandanya igikorwa co kurondera abahitanywe n’imvura ivanze n’imiyaga yaguye muri ico gihugu mu ndwi twaraye dusozereye.

Abagera ku 200 ni bo bamaze kumenyekana ko bahitanywe n’iyo mvura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG