Umwungere wa Ekeziya katolika, Papa Fransisko, ejo mu misa y’igicugu ca Noweri I Roma , yahamagariye aba katolika bose aho bari kwitwararika abimukira bavanywe mu vyabo n’ico yise “Indongozi zisesa amaraso y’inzirakarengane”.
Mu majambo yiwe yagize ati :“Abimukira bategerezwa gushigikirwa”.
Muri iyo misa yahereje imbere y’abakirisu bashika ku 10,000, nyenubweranda Papa Fransisko, yaragarutse ku mutekano muke uvugwa mu Burundi, muri Republika iharanira Demokarasi ya Congo, Nijeriya, siriya, ,Sudani y’epfo, Yemen n’ahandi.
Papa Fransisko, yarasengeye kandi amahoro muri Yeruzalemu, yongera avuga ko afise icizere c’uko hagiye kuboneka umuti w’amatati ari hagati ya Palestina na Isirayeri biciye mu biganiro bihuza impande zose.
Facebook Forum