Kur’ uyu musi w’Imana ushira Noheli ku muhingamo, eka no mu gatondo mw’isoko rikuru rya Gitega, ahadandarizwa impuzu n’ibirato, abadandaza bagabanije ibiciro. Abakiriya ni benshi baza kuraba, ariko bagenda bataguze.
Abanyagihugu bavuganye n’ijwi ry’Amerika bavuga kw’ uwo musi mukuru ushitse bari mu bukene.
Abajejwe intwaro mu ntara ya Gitega bahimiriza abo barongoye kwigumya mur’ ino misi mikuru, ntibahave basesagura umwimbu wabo, ngo baze baheze binjiranwe na kigoyi mu nyuma.
Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika mu ntara ya Gitega Fidele d'Antoine Nsabimana araduah insiguro.
Facebook Forum