Uko wahagera

Perezida Mnangagwa Atangiye Gusubiza Abazungu Amatongo Yabo


Mu gihugu ca Zimbabwe. Umwe mu barimyi n’aborozi b’Abazungu bakomeye, yari yirukanywe na Pdt yakuwe ku butetegetsi Robert Mugabe, yabawe uwambere agarukanywe mu matongo yiwe ku butegetsi bushasha.

Robert Smart, yagarutse mu twiwe ahitwa Lesbury kuva ejo ku munsi wa kane aherekejwe n’igisirikare ca Zimbabwe hafi y’umugwa mukuru Harare. Ariko ubiravye, uwo murimyi akaba n’umworozi wamenga ntabiryohererewe.

Smart yakiriwe n’amarira y’umunezero hamwe n’ibigumbaguba vy’abandi bakozi b’abirabure bagumye mu mirima yiwe. Haraheze imyaka itari mike.

Uyu Smart yarigumije arabaramutsa yongera atembera mu nzu yiwe isigaye ari umusaka. Umuhungu wiwe yavuze ko ari nk’imbonekarimwe kubona basubiye mutwabo.

Mugihe c’ubukoloni, abazungu bari barifatiye amatongo manini manini ahantu hamera cane mu gihugu, mu gihe abirabure bobo bagumye baba mubice bitimbuka kandi bitari bwigere birimwa.

Igihe Perezida Robert Mugabe yabirukana amaguru adakora hasi, yasiguye ko ashaka ko abirabure nabo bo gihugu ciwe babaho neza hako amatongo yose yizizirwa n’abazungu badashika n’igice 1%.

Ariko n’abanyazimbabwe begereye Mugabe bayasubiyemwo ntibayafashe neza kuko atabushobozi n’ubuhinga bari bafise, bituma ubutunzi busubira inyuma cane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG