Uko wahagera

Abarwana muri Sudani y'Epfo Bumvikanye Guhagarika Intambara


Abasirikare ba Reta ya Sudani y'epfo ku kirindiro, mu buraruko bwa reta ya Upper Nile

Reta ya Sudani y’ubumanuko hamwe n’imihari yitwaje ibirwanisho bateye umukono ku masezerano yo guhagarika intambara kur’uyu wa kane mu biganiro vy’amahoro vyabahuje muri Etiyopiya, akaryo ka nyuma ko guhagarika intambara imaze imyaka ine ihuza abenegihugu.

Ayo masezerano asaba aberwa n’iyo ntambara bose gushira ibirwanisho hasi kuva kur'uyu musi wa gatandatu, gukuraho ibirindiro vya gisirikare bashinze, kurekura imbohe zo mu ntambara hamwe n’abapfungiwe ivya politike, no kurekura abagore n’abana banyurujwe.

Moussa Faki, arongoye ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, yavuze ko ayo masezerano ar’intambwe ya mbere ikomeye itera intege, igana ku guhagarika burundu intambara imaze guhitana ibihumbi vy’abanyagihugu, ikura imiliyoni mu ngo zabo.

Amareta ya Reta zunze ubumwe z'Amerika, Ubwongereza na Norvege yashimye inyo ntambwe, baranakeza abayasinye bagirako babasaba kuyashira mu ngiro vuba bwango harimwo no kworohereza ibikorwa vy'amashirahamwe atanga imfashanyo ku banyagihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG