Uko wahagera

Ibihugu 128 Byiyamirije Ingingo y'Amerika kuri Yeruzalemu


Icyumba cy'inama rusange mu muryango mpuzamakungu mu gisagara ca New York.
Icyumba cy'inama rusange mu muryango mpuzamakungu mu gisagara ca New York.

Inama nkuru y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yemeje ingingo yiyamiriza ingingo ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika y’ukwemera kw’igisagara ca Yeruzalemu ari umurwa mukuru w’igihugu ca Isirayeli.

Iyo ngingo yemejwe n’amajwi 128, mu gihe ibihugu icenda vyayiyamirije, ibindi 35 ntivyagize ico biyivugaho. Ivyo ni mu gihe uwuserukira Amerika muri ONU, Nikki Haley yagabishije kw’ukugene ibihugu vyatoye bizokwerekana ukugene Amerika izobona ibihugu bitubaha Amerika mw’ishirahamwe ONU.

Mbere y'uko iyo ngingo ifatwa, Nikki Haley yatangaje ko Amerika izokwibuka uyu musi aho yiyamirijwe mu nama nkuru y’ishirahamwe ONU kubera yubahirije uburenganzira bwayo nk’igihugu cigenga.

Atangaza ko Amerika izovyibuka igihe izosubira gusabwa gutanga intererano irengeye iy’ibindi bihugu vyo kw’isi mw’ishirahamwe ONU.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG