Uko wahagera

Perezida Trump Arashima Intsinzi y’Itegeko ku Makori


Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump ariko ariruhutsa mur’iki gihe aronse intsinzi ya mbere ikomeye ku nteguro y’itegeko rihambaye ry’umutahe igihugu kizokoresha, hamwe n’igabanywa ry’amatagisi. Ni umutahe ungana n’amadolari Tiriliyoni imwe n’igice, avuga kw’ugiye guha abanyagihugu amadolari ku gashahara kabo.

Ubutumwa yarungitse ku kibanza co kwandikirako amakuru “Twitter” uyu musi ku wa kane, Trump yavuze kw’Abademokrate batavuga rumwe na reta yiwe, bose biyamirije iyo nteguro y’itegeko, anabagiriza ko bashaka kuduza amatagisi kandi banka kw’Abanyamerika bagabanirizwa amatagisi.

Yifatiye mu gahanga kandi amakuru atangazwa n’ibinyamakuru ku vyerekeye ingingo yo kwemeza iyo nteguro y’itegeko rigenga umutahe reta ya Amerika izokoresha, akaba yavuze kw’ayo makuru ar’amakuru y’ibinyoma.

Trump yatangaje afise umunezero mwinshi amakuru avuga kw’amasosiyete amwamwe, yatanguye guhemba neza abakozi bayo, kubera arindiranye igishika cinshi igabanywa ry’amatagisi, ayo masosiyete yahora atanga.

Amasosiyete abiri akomeye akora mu vyerekeye guhanahana amakuru, AT&T hamwe na Comcast, yamaze gutangaza kw’azoha benshi mu bakozi bayo, amadolari igihumbi y’agashimwe, igihe iyo nteguro y’itegeko ya Prezida Trump igabanya amatagisi, izoba imaze guhinduka itegeko. Ayo masosiyete yose hamwe, afise abakozi bashika ibihumbi 300.

Abademokrate bariyamirije iyo nteguro y’itegeko, bavuga kw’ata kintu izofasha mu vyerekeye kuzamura ubutunzi bwa Amerika.

Bavuga kw’ ahubwo izofasha abakire hamwe n’amasosiyete akomakomeye, mu gihe abanyagihugu basanzwe, bazohahombera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG