Uko wahagera

Abafaransa Basonje Iperereza kw'Ihanurwa ry'Indege ya Perezida Habyarimana


Uwahoze ari perezida w'u Rwanda Juvenal Habyarimana

Abacamanza b’Abafaransa bakwikirana ivyaha vy’iterabwoba, barangije ibikorwa vy’itohoza ku gitero cabaye ku ndege yari itwaye ba perezida w’igihugu c’u Rwanda Juvenal Habyarimana hamwe n'w’Uburundi Cyprien Ntaryamira.

Ibi bivuze ko parike y’I Paris igiye gusaba ko sentare yabandanya urwo rubanza canke baheba ivyaha vyagirizwa abantu indwi, begereye ubutegetsi bwa Perezida w’u Rwanda, Paul Kagame. Abo barimo minisitiri w’ingabo w’u Rwanda James Kabarebe na Jack NzIza wahOze ari umuyobozi w’urwego rushinzwe ubutasi.

Indege yar’itwaye Prezida w’u Rwanda, Juvenal Habyarima, yakorowe kw’igenekerezo rya 6 ry’ukwezi kwa kane, mu mwaka w’1994.

Abahinga bakwirikiranye ihanurwa ry'iyo ndege bavuga kw’ariryo ryatumye mu Rwanda haduka ihonyabwoko. Umuryango mpuzamakungu ONU uvuga ko ryahitanye ubuzima bw’abantu bashika ibihumbi 800

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG