Uko wahagera

Uburayi Busaba Amatohoza ku Bwicanyi muri Etiyopiya


Ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya ryasavye kur’uyu wa gatatu ko hatanguzwa amatohoza ataho yegamiye muri Etiyopiya, inyuma y’ugutana mu mitwe hagati y’abanyagihugu mu ntara za Oromiya na Somaliya y’ubuseruko, ahoba hishwe abantu bashika kuri 61 mu ndwi iheze.

Ku musi wa kane n’uwa gatanu ku matariki ya 14 na 15 z’uku kwezi kwa cumi na kabiri, niho abo bantu bicwa, mur’ako gace kama kabayemwo ubwicanyi bufatiye ku moko, aho abantu baharurwa mu majana bamaze kuhasiga ubuzima, abaharurwa mu bihumbi amajana nabo barateshwa ingo zabo, nkuko bishikirizwa n’abategetsi.

Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Hailemariam, mw’ijambo yashikirije ku musi w’Imana yarahojeje imiryango yabuze mu co yise "ubwicanyi kivunga".

Haraheze imyaka ibiri, Etiyopiya gihanzwe n’ingorane z’imibano, ubutunzi na politike zimaze guhitana abaharurwa mu gihumbi, nkuko bishikirizwa na Komisiyo ijejwe ivy’agateka ka zina muntu mur’ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG