Uko wahagera

ONU: Trump Agabisha Kwima Imfashanyo Igihugu Kidashigikira Ingingo kuri Yerusalemu


Ambasaderi aserukira Reta zunze ubumwe z'Amerika muri ONU, Nikki Haley, atora guhakana ingino y'Amerika kuri Yerusalemu.
Ambasaderi aserukira Reta zunze ubumwe z'Amerika muri ONU, Nikki Haley, atora guhakana ingino y'Amerika kuri Yerusalemu.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump kur’uyu wa gatatu yagabishije ibihugu vyose bizohakana ingingo y’Amerika yo kugira Yerusalemu umurwa mukuru wa Isirayeli mu nama ya bose ya ONU kur’uyu wa kane.

Trump yagize ati: “Tuzokurikiranira hafi ingene ayo matora agenda, igihugu canka iyo ngingo kizotakaza amafaranga Amerika agifashisha. Ati nta kuntu botwara amafaranga yacu mu nyuma ntibadushigikire mw’itora.”

Mwibuke ko iyo ngingo yari yaburijwemwo na Reta zunze ubumwe z’Amerika ku musi wa mbere mu nama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi.

Kuber’iryo gabisha rya Amerika, umwe mu ba ambasaderi b’Abanyaburaya muri ONU yavuze ko ibihugu bimwe bihava bihitamwo gusiba mur’iryo tora ryo kur'uyu wa kane kugira ntivyiteranye na Amerika.

Iyo nteguro y’itegeko irwanya ingingo ya Amerika kuri Yerusalemu ihava ihabwa inama ya bose ya ONU yateguwe n’ibihugu vya Yémen na Turukiya, bimwe mu bihugu vy'Abarabu n'Abayisilamu badashigikiye iyo ngingo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG