Uko wahagera

Igisirikali Ca Kongo Kiragirizwa Ubwicanyi mu Ntara ya Kasai


Urunani rw’amashirahamwe aharanira agateka ka muntu mu makungu, FIDH, mu mpfunyapfunyo, rwagirije inteko zijejwe umutekano za Republika iharanira demokrasi ya Kongo n’abarwanyi bashigikiwe n’igisirikare ko bateguye ubwicanyi bukabije bwakozwe kubo mu bwoko bw’aba Luba mu ntara ya Kasai.

FIDH ivuga kw’ivyo ar’ivyaha biri ku rwego rw’ivyaha bityoza agateka ka muntu.

Tcherina Jerolon wo mw’ishirahamwe FIDH yatangarije itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafransa, AFP, kw’ivyo babwiwe n’abarokotse ubwicanyi biteye agahinda. Avuga kw’abantu bishwe ku bwinshi mu buryo bugayitse.

Ivyo Jerolon yabitangarije i Paris mu Bufransa igihe hasohoka raporo yatunganijwe n'ishirahamwe FIDH ribifashijwemwo n’amashirahamwe bikorana ari muri Kongo.

Amakuru yatangajwe n’ababonye ivyabaye yashizwe hamwe mu kwezi kw’indwi mu buraruko bw’igihugu ca Angola gihana urubibe na Kongo ku bantu 64 bacitse kw’icumu, benshi muribo bo mu bwoko bw’aba Luba.

Intara ya Kasai irimwo umutekano muke kuva mu mwaka w’i 2016 inyuma y’urupfu rw’umutware kavukire, Kamuina Nsapu mu gitero cakozwe n’inteko zijejwe umutekano muri Kongo.

Ivyo vyatumye haba ugutana mu mitwe n’abarwanyi bafise ryiwe, kwahitanye abantu bagera ku bihumbi bine nkuko bitangazwa na Ekleziya Katolika yo muri Kongo.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryatohoje ibinogo bihambwamwo abantu benshi 87 hamwe n’abantu umuliyoni n’ibihumbi amajana ane bavuye mu zabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG