Uko wahagera

USA: Itegeko Rishaha Ritunganya Ivyerekeye Amatagisi


Paul Ryan, Umukuru w’inama nshingamateka
Paul Ryan, Umukuru w’inama nshingamateka

Abarepublika bahimbaje ivyibonekeza ata nkeka kw’ar’intsinzi yabo kw’itegeko ritunganya gushasha ivyerekeye amatagisi. Niyo ntsinzi ya mbere ikomeye cane ya Perezida Donald Trump.

Umukuru w’inama nshingamateka, Paul Ryan avuga kw’inyuma y’imyaka itari mike bashitse kw’itegeko rikomeye cane rifasha iterambere ry’igihugu. Avuga kw’abanyamerika bazobona akarusho bidatevye.

Iryo tegeko ritunganya gushasha ivyerekeye amatagisi ryararenganye mu nama nshingamateka na nkenguzamateka n’amajwi menshi cane y’abarepublika mu gihe abademokrate bagiye hamwe bose mu kuryiyamiriza.

Inyuma yuko inama nshingamateka isubiye kwemeza iryo tegeko mu masaha makeyi ar’imbere, riza guca rija mu biro kwa perezida Trump aho aza yategekanije ikiganiro n’abamenyeshamakuru.

Iryo tegeko rigabanya bikomeye amatagisi y’amasosiyete akomakomeye. Abitegereza ibintu bavuga kw’iryo tegeko rizokwongereza ideni ry’igihugu ku rugero rw’imiliyaridi igihumbi mu kiringo c’imyaka 10 yimirije.

Abademokrate bariyamirije iryo tegeko mu kuvuga ko rigeramira kazoza k’abanyamerika mu gihe rizokwuzuza imifuko y’abatunzi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG