Uko wahagera

Ubushinwa Bwaterereye Kaminuza y'Uburundi


Ubuserukizi bw’Ubushinwa bugiye guterera abanyeshure bazoronka uburenganzira bwo kwiga mu gice ca kabiri ca kaminuza

Amafaranga y’amarundi angana n’imiliyoni 36 niyo ubuserukizi bw’Ubushinwa bugiye guterera abanyeshure 50 bazoronka uburenganzira bwo kwiga mu mwaka uza wa 2018 mu gice ca kabiri ca kaminuza citwa Master.

Iyo mfashanyo y’amafaranga ubuserukizi bw’ubushinwa buvuga ko bugiye guterera abo banyeshure, iri mu masezerano yashizweko umukono hagati y’Uwuserukira ubushinwa mu Burundi n’umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi.

Li Changlin aserukira Ubushinwa mu Burundi yashikirije ko ico ciyumviro co gufasha bamwe mu bazoja mu gice ca kabiri ca kaminuza y’Uburundi gifise intumbero yo gutegura kazoza k’Uburundi, abo banyeshure badasigaye inyuma.

Umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi avuga ko imbere y’uko bashika kur’ayo masezerano bavuganye n’uwo aserukira ubushinwa mu Burundi. Gaspard Banyankimbona avuga ko yari yanasavye ko ako gafashanyo kokongerezwa ariko bitakunze.

Iyo mfashanyo y’Ubushinwa ku banyeshure ba kaminuza bimirije kuja mu gice ca kabiri Master yemewe n’ubuserukizi bw’ubushinwa, inyuma y’aho bamwe basabiye ko Leta yobaronsa agafashanyo nkuko ibigirira abagiye kwiga hanze y’igihugu.

Iyo mfashanyo yakirwa neza na bamwe mu banyashure batoye ikibazo kibaha uburenganzira bwo kwinjira mu gice ca kabiri ca kaminuza y’Uburundi.

Ikibazo benshi bibaza n’ingene abo banyeshure 50 bazotorwa mu bandi.

Abanyeshure bivugwa ko batoye ikibazo co kuja muri Master muri kaminuza y’Uburundi bagera ku 370 nk’uko amakuru Ijwi ry’Amerika ryakuye mu bigo vya kaminuza ku Mutanga abivuga.

Ariko umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi akavuga ko ibitigiri bitaramenyekana kuko hari abagisaba kurenganurwa.

Banyankimbona avuga ko n’igitigiri c’amafaranga y’ishure ku banyeshure bazoja mu gice ca kabiri ca kaminuza ataramenyekana. Agatera akamo nyabuna abandi bagiraneza gufasha nk’uko ubuserukizi bw’Ubushinwa mu Burundi bwabikoze mu ntumbero yo guteza imbere ubumenyi mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG