Uko wahagera

Inama yo Kunagura Amasezerano y'Amahoro muri Sudani y'Epfo


South Sudan
South Sudan

Intumwa zaserukiye imihari yerwa n’intambara muri Sudani y’epfo zikoraniye i Addis Abeba, ku murwa mukuru wa Etiyopiya mu nama yo ku rwego rwo hejuru igamije kunagura amasezerano y’amahoro yo mu mwaka w’2015.

Iyo nama yatunganijwe n’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe ry’iterambere mur’ako karere IGAD, bitegekanijwe ko ku musi wa gatanu izoshika ku masezerano yumvikanyweko na bose kandi akazoca aterwako imikono.

Ayo masezerano yahagaritswe gushirwa mu ngiro kuva mu kwezi kw’indwi 2016, inyuma y’aho habereye gutana mu mitwe hagati y’abasirikare bashigikiye Perezida Salva Kiir hamwe n’abayoboka uwumurwanya, Riek Machar.

Intambara hagati y’abenegihugu muri Sudani y’epfo imaze imyaka ine yatumye imiliyoni zibiri z’abanyagihugu bahunga, abandi batari bake basinzikajwe n’inzara, nkuko bishikirizwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG