Uko wahagera

Amerika Yabujije Ko Itegeko muri ONU Kuri Yerusalemu Ryemezwa


Inama ya ONU Ijejwe umutekano kw'Isi ikoranye i New York Muri Reta zunze Ubumwe z'Amerika
Inama ya ONU Ijejwe umutekano kw'Isi ikoranye i New York Muri Reta zunze Ubumwe z'Amerika

Reta ya Donald Trump ikoresheje igihagararo ifise mu nama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi kur’uyu wa mbere yarabujije integuro y’itegeko rihagarika ingingo Amerika yafashe yo kwemeza Yerusalemu ko ari umurwa mukuru wa Isirayeli ko yemerwa.

Ambasaderi wa Reta zunze ubumwe z’Amerika muri ONU, Nikki Haley yabwiye ibihugu bigize ako kanama ko ata gihugu na kimwe kizotegeka Amerika aho ikwiye gushira ambasade yayo.

Haley yasiguye ko bubaye ubwa mbere mu myaka irenga itandatu Reta zunze ubumwe z’Amerika ihagaritse integuro y’itegeko mu nama ya ONU ijejwe umutekano.

Ambasaderi wa Misiri, Amr Aboulatta, ari naco gihugu categuye iyo nteguro y’itegeko yaragabishije ko iyo ngingo y’Amerika ifise ingaruka mbi cane cane ko yafashwe hatisumnzwe amategeko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG