Uko wahagera

SAF: Cyril Ramaphosa Yatorewe Kuyobora ANC


Icegera ca perezida wa Afurika y'epfo Cyril Ramaphosa ni we yatowe kuyobora umugambwe ANC kw'igenekerezo rya 18/12/2017

Umugambwe uri ku butegetsi mu gihugu ca Afrika y’epfo, ANC wahisemwo, Cyril Ramaphosa kuba umuyobozi mushasha wawo.

Ramaphosa abonwa mur’iki gihe kw’ariwe mukandida afise amahirwe menshi cane y’ukuba perezida wa Afrika y’epfo igihe ico gihugu kizogirisha amatora mu mwaka w’i 2019. Yatsinze Nkosazana Dlamini-Zuma yahoze ar’umutambukanyi wa Prezida Jacob Zuma.

Abanywanyi b’umugambwe ANC bagera ku bihumbi bitanu batoye umuyobozi mushasha mw’ikoraniro ryabereye mu gisagara ca Johannesburg. Ramaphosa asubiriye Prezida Jacob Zuma mu mabanga y’ukuyobora uwo mugambwe.

Prezida Zuma ashikirije amabanga y’ukuyobora ANC mu gihe yagirizwa amarorerwa atari make ya ruswa.

Bitegekanijwe ko Zuma abandanya kuyobora Afurika y’epfo gushika mu mwaka w’i 2019.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG