Uko wahagera

Itohoza Ryerekana Uko Umunyamerika Yiciwe muri Nijeri


Umusirikare w’umunyamerika yishwe n’abarwanyi ba Reta ya Kiyislamu yarashwe incuro cumi n’umunani. Bisa nuko yivunye gushika apfe. Ivyo bitangazwa n’abajejwe itohoza ry’igisirikare.

Abategetsi ba Amerika baciriye ku mayange itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika, Associated Press, kuri raporo itaraherahezwa kandi itarashirwa ahabona, ku mutego wagizwe mu kwezi kw’icumi ku musirikare w’umunyamerika, Sergent La David Johnson. Abandi basirikare batatu nabo nyene bairishwe mu gitero cabereye hafi y’urubibe Nijeri gihana na Mali.

Har’ibintu vyinshi bitumvikanye ku mutego n’urupfu rwa Sergent La David Johnson. Harimwo impamvu ikiziga ciwe catowe hafi y’ibilometero bibiri umuntu avuye mu kibanza igitero cabereyemwo, n’igituma vyafashe imisi ibiri kugira ibisigarira vyiwe bitorwe.

Ku bw’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika, Associated Press, abategetsi b’igisirikare bavuga ko Johnson n’abandi basirikare babiri bo mu gihugu ca Nijeri bagerageje kwiruka bagana imodoka ya Jeep yari hafi yabo. Yamara bararashwe imbere yuko bashikira iyo modoka.

Ayo makuru atangaza ko Johnson yashoboye kwiruka gushika kure ya bagenziwe. Yinyegeje mu gisaka, ararasa abarwanyi bariko bamukwirikirana gushika apfe. Yarashwe incuro cumi n’umunani.

Raporo y’igisirikare izokwishura ibibazo bitari bike ku rupfu rwiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG