Uko wahagera

Umugambwe ANC Watoye Perezida Wawo Mushasha


Abakandida babiri ku mwanya wa perezida wa ANC: Nkosazana Dlamini Zuma na Cyril Ramaphosa

Mu gihugu ca Afurika y’epfo, abaserukira abandi mu mugambwe uri ku butegetsi, ANC, batanguye gutora mu gitondo ca kare n’uno musi ku wa mbere. Barateganya guhitamwo ntumbero umuyobozi mushasha wa ANC.

Ayo matora abonwa n’abantu benshi kw’ar’ay’uguhitamwo umuntu bisa nuko ariwe azoba umukuru w’igihugu azosubirira prezida ahari mur’iki gihe, Jacob Zuma.

Vyari vyitezwe kw’abaserukira abandi mu mugambwe ANC bagera ku bihumbi bitanu bagira ayo matora ejo ku musi w’Imana mu gisagara ca Johannesburg. Yamara ayo matora yaratebeshejwe.

Umuyobozi mushasha w’umugambwe ANC azosubirira Prezida Jacob Zuma, azorangiza ikiringo ciwe kigira kabiri mu mwaka w’i 2019.

Abakandida babiri bariko bahiganirwa ubuyobozi bw’umugambwe ANC ni iicegera ca Prezida, Cyril Ramaphosa na Nkosazana Dlamini-Zuma yigeze kuba umupfasoni wa Prezida Zuma.

ANC ni wo mugambwe ukomeye cane muri Afrika y’epfo kuva demokrasi itanguye mur’ico gihugu mu mwaka w’i 1994.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG