Uko wahagera

Honduras: Perezida Juan Orlando Hernandez yatsinze Amatora


Presida Juan Orlando Hernandez wa Honduras
Presida Juan Orlando Hernandez wa Honduras

Umukuru w’igihugu ca Honduras, Juan Orlando Hernandez, niwe yatangajwe kur’uyu w’Imana ko yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu yo kuwa 26 z’ukwezi kwa cumi na kumwe, yabayemwo amahane menshi, inyuma y’aho amajwi asubiriwemwo guharurwa ukundi gusha.

Haraheze ukwezi abanywanyi b'umukandida Salvador Nasralla yahiganwe na Perezida Hernandez biyamiriza ayo amatora bavuga ko yabayemwo ubusuma.

Perezida Hernandez, w’imyaka 49 y’amavuko yatahukanya intsinzi ku majwi 42,95 kw’ijana mu gihe Nasralla bahiganwe ahabwa amajwi 41,24 kw’ijana.

Amasaha make imbere yuko sentare nkuru ijejwe ivy’amatora itangaza ivyayavuyemwo, Nasralla yaciye afata indege agana muri Amerika aho ategekanya kur’uyu wa mbere kubonana n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu vy’Amerika, Luis Almagro, aranahabwa umubonano no muri deparotema ya reta y’Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG