Uko wahagera

Kaka Yahagaritse Gukina Umupira w'Amaguru


Umukinyi w'umupira w'amaguru rurangiranwa Kaka
Umukinyi w'umupira w'amaguru rurangiranwa Kaka

Umukinyi rurangiranwa akomoka mu gihugu ca Brezil Kaka yatangaje ko ahagaritse gukina umupira w'amaguru.

Kaka yigeze gukina mu mirwi y’umupira w’amaguru, AC Milan na Real de Madrid. Yatsinze igikombe c’isi yo c’umupira w’amaguru n’igihugu ca Brezil mu mwaka w’i 2002.

Kaka mur’iki gihe afise imyaka mirongo itatu n’itanu, yatanguye gukina ku rwego rw’ababigize umwuga mu murwi Sao Paulo mu gihugu ciwe c’amavuko ca Brezil.

Umurwi wa nyuma yakinira ni Orlando City muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Kaka yakiniye umurwi nserukiragihugu wa Brezil incuro mirongo icenda na zibiri.

Yinjije mur’ico kiringo ibitsindo mirongo ibiri n’icenda.

Uretse kuba yatsindiye igikombe c’isi yose akinira igihugu ciwe, yaratsindiye kandi igikombe c’imirwi yabaye iya mbere mu karere k’i Bulaya n’umurwi AC Milan mu mwaka w’i 2003 hamwe n’agashimwe k’umukinyi akomeye cane kw’isi mur’uyo mwaka nyene.

Yakiniye umurwi AC Milan hagati y’umwaka w’i 2003 n’umwaka w’i 2009. Yagiye gukinira umurwi Real de Madrid mu mwaka w’i 2009.

Yaragarutse gukina mu murwi AC Milan mu mwaka w’i 2003 imbere yuko aja gukina mu murwi Orlando City mu mwaka wakwirikiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG