Uko wahagera

Urugendo Rwo Gushyigikira Ko Ibwirizwa Nshingiro Rihinduka


Abakenyezi bahurikiye mw’ishirahamwe WAP (Women in Action for Peace) barashigikiye ko ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi rihinduka. Ivyo uwurongoye iryo shirahamwe yabivugiye mu rugendo rwitabwe n’abakenyezi mu gisagara ca Bujumbura rwitiriwe amahoro.

Urwo rugendo rwahereye ku kibanza citiriwe umuryango mpuzamakungu ONU muri komine Ngangara abakenyezi baherekejwe n’abagabo bagenda bahayagiza Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu c’Uburundi baniyamiriza amakungu n’amwe mu mashirahamwe yigenga bavuga ko adashakira amahoro Uburundi.

Ambasssadrice Rose Ntawe arongoye WAP Burundi yavuze ko urwo rugendo ari urw’amahoro.

Urwo rugendo rwateguwe n’abakenyezi rwari rwitabwe n’abagabo bamwe bamwe bahurikiye mu mashirahamwe yigenga.

Ishirahamwe WAP ryashigikiwe mur’urwo rugendo rw’amahoro n’ihuriro ry’abakenyezi n’ayandi mashirahamwe agera kuri 10 adaharnira ivyicaro vya politike kandi anarongowe n’abagabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG