Uko wahagera

Perezida Erdogan Yituye ONU Ku Ngingo ya Amerika kuri Yerusalemu


Perezida wa Turukiya Tayyip Erdogan
Perezida wa Turukiya Tayyip Erdogan

Perezida wa Turukiya, Recep Tayyip Erdogan asaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU guhagarika ingingo iheruka gufatwa na Reta zunze ubumwe z’Amerika yemeje Yerusalemu kuba umurwa mukuru wa Isirayeli.

Erdogan yabisavye kur’uyu wa gatanu, inyuma y’imisi ibiri harangiye inama y’abakuru b’ibihugu vy’Abayisilamu yabereye i Istanbul, yaneguye ingingo ya Perezida Trump.

Erdogan yasavye amakungu kwemeza ubuseruko bwa Yerusalemu nk’umurwa mukuru wa Palestina. Yagize ati "Tuzokora kugira iyo ngingo y’agahotoro ihagarikwe mu nama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano, yongerako ko mu gihe Amerika yoyizibira, tuzokwitura inama ya bose ya ONU.

Reta zunze ubumwe z’Amerika ifise icicaro ntahegahezwa mu nama ya ONU ijejwe umutekano kandi ifise ububasha bwo guhagarika icemezo cose guteye kubiri n’ingingo ya Washington.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG