Uko wahagera

Mugabe muri Singapore Kwisuzumisha Amagara


Robert Mugabe yahoze ari Perezida wa Zimbabwe

Uwahoze ari umuvugizi wa Perezida muri Zimbabwe yatangaje ko Robert Mugabe ari muri Singapore kwisuzumisha amagara.

Vyari bitegekanijwe ko ava mu bitaro kur’uyu wa gatanu. Mugabe w’imyaka 93 y’amavuko ntarasubira kuja ahabona kuva aho atangiye imihoho.

Mugabe yamye arwana n’amagara yiwe kandi bivugwa ko arwaye Kanseri ya prostate.

Mugabe ntazobasha kuba mu nama nkuru y’umugambwe ZANU PF ya buri mwaka i Harare kur’uyu wa gatanu aho bitegekanijwe ko Perezida Emmerson Mnangagwa, yemezwa nk’umukandida mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka uza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG