Abategetsi ba Turukiya batangaza ko abimukira 51 barimwo abana 15 barokowe kur’uyu wa kane babasanze mu mazi aho bagotewe ku gitandara ku nkengera za Turukiya, inyuma y’aho ubwato barimwo buzamiye.
Itororokanirizo ry’amakuru Anadolu, ryo muri Turukiya ryatangaje ko abo bimukira basanze bafise ubwenegihugu bwa Afganistani, Siriya, Mali na Angola.
Icenda muri bo baciye bajanwa kwa muganga.
Mu myaka y’2015 na 2016, abantu barenga igihumbi nibo bapfuye bariko bageregeza kujabuka ibahari hagati y’Ubuguriki na Turukiya.
Facebook Forum