Uko wahagera

Imfashanyo za Gisirikare z'Amerika muri Somaliya Zikekwa Kunyuruzwa


Abasirikare ba Somaliya mu myimenyerezo ya gisirikare.

Reta zunze ubumwe z’Amerika yahagaritse nyinshi mu mfashanyo yaha igisirikare ca Somaliya ku mvo z’uko vyagaragaye ko izo mfashanyo zigaruka zikaribwamwo ibiturire no kunyuruzwa. Ivyo vyashikirijwe n’abategetsi b’Amerika kur’uyu wa kane.

Guhagarika izo mfashanyo vyatumwe n’uko igisirikare ca Somaliya cananiwe akatari gake gutanga raporo ku mfashanyo z’ibifungurwa, ibitoro hamwe n’ibirwanisho cahawe na Amerika, nkuko bishikirizwa n’abategetsi bar eta zunze ubumwe z’Amerika.

Umutegetsi wo muri deparotema ya reta y’Amerika yatangaje ko babaye barahagarika izo mfashanyo kugira igisirikare ca Somaliya cerekane ko zikoreshwa ico zigenewe.

Ariko avuga ko abasirikare ba somaliya bariko bararwanya al-Shabab kandi bariko bahabwa inyigisho za gisirikare bazobandanya gufashwa mu vyo bakeneye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG