Uko wahagera

Umwe mu Bazimya Imiriro muri Californiya Yapfuye


Imiriro y'inkazi muri Californiya, muri Reta zunze ubumwe z'Amerika
Imiriro y'inkazi muri Californiya, muri Reta zunze ubumwe z'Amerika

Umwe mu bazimya imiriro yarapfuye kur’uyu wa kane mu rugamba rwo kurwana n’umuriro mu buraruko bwa Los Angeles, muri Reta ya Californiya, muri Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Umukuru ajejwe ivy’amashamba muri Californiya, Ken Pimlott ntiyashimye gutanga amakuru arambuye kur’urwo rupfu ariko avuga ko uwapfuye yari umu Ingeniyeri yari yaje gufasha mur’urwo rugamba avuye mu gisagara ca San Diego.

Yapfuye ariko arwana n’umuriro wataziriwe Thomas, watanguye kwiha inkumbi kuva italiki ya 4 y’ukwezi kwa cumi na kabiri. Umaze gutongora amahegitare yababa ibihumbi 98, inzu 730 zarasambutse mu ma komine ya Ventura na Santa Barbara, mu buraruko bushira uburengero bwa Los Angeles.

Abategetsi bavuga ko ubaye umuriro ugize kane mu gukara muri kahize ka Californiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG