Uko wahagera

Kongere yo Gutora Uwuzosubirira Jacob Zuma


Nkosazana Dlamini-Zuma yahoze arongoye ubumwe bw'Afrika hamwe n'icegera c'umukuru w'igihugu Cyril Ramaphosa.
Nkosazana Dlamini-Zuma yahoze arongoye ubumwe bw'Afrika hamwe n'icegera c'umukuru w'igihugu Cyril Ramaphosa.

Intumwa 5000 z’umugambwe ANC uri ku butegetsi muri Afrika y’epfo, kuva kur’uyu wa gatandatu zizokoranira i Johannesburg mu nama yo gutora uwuzosubirira umukuru wawo akaba n’umukuru w’igihugu, Jacob Zuma.

Perezida Zuma amaze imyaka itari mike yagirizwa kurya ibiturire, ku buryo umugambwe usa n’uwiciyemwo kubiri, bamwe mu bategetsi bakomeye bawo bamusaba gutanga imihoho mu mabanga y’umukuru wawo.

Abantu babiri b’ijunja bariko bahiganirwa kumusubirira ni icegera ciwe, Cyril Ramaphosa hamwe na Nkosazana Dlamini-Zuma, afise uburambe mu vya kidipolomasiya kandi yigeze no kuba umugore wiwe mu kiringo c’imyaka cumi n’itandatu.

Umugambwe ANC wamye utahukana intsinzi mu matora y'umukuru w'igihugu kuva mu mwaka w’1994, igihe demokarasi yatanguzwa mur’ico gihugu. Umutegetsi mushasha wa ANC ashobora kuzoba umukandida mu matora yo mu mwaka wa 2019.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG