Uko wahagera

HRW Iragiriza Polisi ya Kenya Gufata Abapfasoni ku Nguvu


ABayoboke ba pperezida Uhuru Kenyatta wa Kenya bahanganye na polisi, kw'igenekerezo rya 28/11/ 2017.
ABayoboke ba pperezida Uhuru Kenyatta wa Kenya bahanganye na polisi, kw'igenekerezo rya 28/11/ 2017.

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch (HRW), ryatangaje kw’abapolisi bo mu gihugu ca Kenya bafashe ku nguvu abakenyezi, bakongera bakabakubita, igihe c’amatora ya perezida mu mwaka uheze.

Iryo shirahamwe hamwe n’ayandi mashirahamwe ashira imbere uburenganzira bw’ikiremwa muntu yaratorokanije kandi ivyemezo vyerekana ukuntu abapolisi bakoresheje inguvu z’umurengera, mu gukubita abantu bariko baragira imyiyerekano, ubwicanyi, gusahura hamwe n’ugusitura amazu.

HRW inenga ico gipolisi gukubagura abantu, hamwe n’ugufata bunyamaswa, abapfasoni, abana babo hamwe n’abagabo babo. Raporo y'iryo shirahamwe isigura ko navyo nyene ari ibintu vyibonekeje.

Umukuru w’igipolisi mu gihugu ca Kenya Joseph Bionnet yavuze kw’iyo raporo ya HRW yuzuyemwo ibinyoma yongera ayisaba gutanga ivyemezo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG