Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch (HRW), ryatangaje kw’abapolisi bo mu gihugu ca Kenya bafashe ku nguvu abakenyezi, bakongera bakabakubita, igihe c’amatora ya perezida mu mwaka uheze.
Iryo shirahamwe hamwe n’ayandi mashirahamwe ashira imbere uburenganzira bw’ikiremwa muntu yaratorokanije kandi ivyemezo vyerekana ukuntu abapolisi bakoresheje inguvu z’umurengera, mu gukubita abantu bariko baragira imyiyerekano, ubwicanyi, gusahura hamwe n’ugusitura amazu.
HRW inenga ico gipolisi gukubagura abantu, hamwe n’ugufata bunyamaswa, abapfasoni, abana babo hamwe n’abagabo babo. Raporo y'iryo shirahamwe isigura ko navyo nyene ari ibintu vyibonekeje.
Umukuru w’igipolisi mu gihugu ca Kenya Joseph Bionnet yavuze kw’iyo raporo ya HRW yuzuyemwo ibinyoma yongera ayisaba gutanga ivyemezo.
Facebook Forum