Uko wahagera

ONU: Inteko z'Amahoro Ntizijejwe Kujya mu Mirwano


Umuhanuzi muri ONU Adama Dieng
Umuhanuzi muri ONU Adama Dieng

Umuhanuzi adasanzwe w’ishirahamwe mpuzamakungu ajejwe kwamirira kure ihonyabwoko, Adama Dieng, ariko arasigura neza uruhara rw’inteko mpuzamakungu, mu gikorwa co gucungera umutekano mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko.

Dieng yatanze ikiganiro mu kinyamakuru co mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko, avuga ko bidakenewe gusigurira abanyagihugu, uruhara rw’inteko za ONU zijejwe gucungera umutekano zingana n’ibihumbi 12.

Izo nteko zahawe amabanga n’inama mpuzmakungu ijejwe umutekano yo gukingira abasivile. Ni mu nyuma y’aho hadukiye ubwicanyi bukabije, I Juba, ku murwa mukuru w’ico gihugu mu mwaka w’2013.

Uyo mutegetsi akomeye wo mw’ishirahamwe mpuzamakungu arashimangira kw’inteko zicungera umutekano zakijije ubuzima bw’abasvile ibihumbi n’ibihumbi ku murwa mukuru Juba hamwe no mu bindi bisagara. Ivyo mu gihe c’ingwano hagati y’abasirikare ba reta ya Sudani yo mu bumanuko hamwe n’abagwanyi ba Riek Mashar, yahoze ari visi-perezida w’ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG