Uko wahagera

Igitero c'Indege Cishe 23 bo mu Muryango Umwe muri Siriya


Abanyagihugu 23, bo mu muryango umwe, barishwe kur’uyu wa gatatu mu bitero vy’indege vyakozwe mu mihana yiziziwe n’umuhari wa reta ya kiyisilamu mu ntara ya Deir Ezzor mu buseruko bwa Siriya.

Ishirahamwe rishinzwe kugenzura iyubahirizwa ry’agateka ka muntu muri Siriya ryemeje ko ivyo bitero vyagabwe n’inteko mvamakungu zirongowe na Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Uwo muryango wishwe war’ugizwe n’abavyara, abavukana hamwe n’abana babo, bari binyegeje mu nzu aho bari bahunze imirwano mu mihana y’ibindi bisagara bibanyi.

Intara ya Deir Ezzor ahanini igenzurwa na reta ya Siriya yirukanye umuhari wa ISIS wari warayifatiye nka yose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG