Abarwanyi cumi n’umwe b’umuhari witwaje ibirwanisho muri Republika iharanira demokarasi ya kongo baraciriwe urubanza rwo gufungwa ubuzima bwabo bwose ku vyaha vyo gufata abana ku nguvu n’ubwicanyi.
Imihari iharanira agateka ka zina muntu yarashimye ico gihano ivuga ko ari ingingo ishimishije mu gihugu, aho gufata abagore ku nguvu vyabaye akamenyero ariko ntibihanwe n’amategeko.
Abo bahanishijwe ico caha bavugwa kuba abarwanyi biyitirira Djeshi ya Yesu mu giswahili n’ukuvuga, Abarwanyi ba Yesu---urongowe n’umushingamateka Frederic Batumike wo mu ntara ya Kivu y’ubumanuko.
Umushingamateka Batumike yaciye akurwako ubudahangarwa, agashobora nawe kuzorengutswa imbere y’ubutungane.
Ubwo bugizi bwa nabi bw’abo barwanyi bwatanguriye mu mihana y’ahitwa Kavumu ku birometero 25 uva ku murwa mukuru Bukavu mu mwaka w’2013 burabandanya no mu myaka yagiye irakurikira.
Facebook Forum