Uko wahagera

ONU: Integuro y'Itegeko Ridashigikiye Amerika kuri Yerusalemu


Akanama ka ONU kajejwe amahoro n'umutekano
Akanama ka ONU kajejwe amahoro n'umutekano

Integuro y’itegeko rihakana ingingo ya Reta zunze ubumwe z’Amerika yemeza ko Yerusalemu ari umurwa mukuru wa Isirayeli ririko rirategurwa muri ONU, mu ntumbero yo kwereka Amerika ko itamba yirorera mu kanama kajejwe amahoro n’umutekano kw'isi.

Reta zunze ubumwe z’Amerika gisanzwe gifise icicaro ntayegeyezwa mur’ako kanama kandi ni soma mbike n’igihugu ca Isirayeli. Amerika kandi gifise uburenganzira bwo kubuza icemezo cose idashigikiye kurengana kandi vyarabaye no muri kahise.

Ku musi wa gatanu, Reta zunze ubumwe z’Amerika yisanze yarakumiriwe mu kanama ka ONU kajejwe umutekano, mu nama yihuta yatumweko inyuma y’aho Perezida Trump afatiye iyo ngingo yiyamirijwe n’ibindi bihugu miri mur'ako kanama.

Umwe mu ba diplomate muri ONU avuga ko intumbero y’iyo nteguro y’iryo tegeko ar’ukuremera Amerika kugira umugambi w’amahoro yemeye kuva Trump agishikiriye ubutegetsi iwushire mu ngiro itibagiye no kuraba inyungu z’Abanyepalestina.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG