Uko wahagera

Abayisilamu Biyamirije Ingingo ya Trump Kuri Yeruzalemu


Perezida Recep Tayyip Erdogan wa Turkiya na Perezida w’ubutegetsi bw’Abanyapalestina Mahmoud Abbas.
Perezida Recep Tayyip Erdogan wa Turkiya na Perezida w’ubutegetsi bw’Abanyapalestina Mahmoud Abbas.

Abategetsi b’ibihugu bigizwe ahanini n’abayislamu biyamirije ingingo ya perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, y’ukwemera kw’igisagara ca Yeruzalemu kiba umurwa mukuru w’igihugu ca Israeli. Basigura ko iciye kubiri n’amategekeo mpuzamakungu.

Iyo nama mu gihugu ca Turikiya ibaye mu gihe hari uruhagarara mu bihugu vyo mu karere ko mu buseruko bwo hagati, hamwe n’ibinebaguro bibandanya kwiyongera ku ngingo ya Perezida Trump ku vyerekeye igisagara ca Yeruzalemu.

Inama iriko ibera mu gisagara ca Istambul, yateguwe n’ishirahamwe ry’ibihugu 57 vy’abayisilamu. Turikiya ni yo iyoboye iryo shirahamwe mur’iki gihe. Iyo nama yihutirwa yatumweko na perezida wa Turkiya, Recep Tayyip Erdogan.

Perezida Erdogan yamenyesheje ko yatumiye ibihugu 57 vy’abayislamu biha agaciro amategeko mpuzamakungu kandi bibona kw’igisagara ca Yeruzalemu cigaruriwe na Israyeli ar’umurwa mukuru w’Abanyapalesitina.

Perezida w’ubutegetsi bw’Abanyapalestina, Mahmoud Abbas yatangaje kw’ingingo ya Perezida Trump yemera kw’igisagara ca Yeruzalemu ar’umurwa mukuru wa Isreal ari icaha.

Perezida Abbas yamenyesheje kw’abanyapalestina batazokwemera uruhara rwa Amerika mu mugambi w’amahoro kuva mur’iki gihe. Yavuze ko Amerika ihengamiye ku ruhande rwa Israeli.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG