Uko wahagera

Amnesty Iranebagura Inyifato y'Ubulaya ku Mpunzi ziri muri Libiya


Impunzi n’abimukira b’abanyafrika ibihumbi amajana n’amajana bafatiwe mu gihugu ca Libiya barageramirwa n’abategetsi b’ico gihugu
Impunzi n’abimukira b’abanyafrika ibihumbi amajana n’amajana bafatiwe mu gihugu ca Libiya barageramirwa n’abategetsi b’ico gihugu

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Amnesty International, rimenyesha kw’ibihugu vy’i Bulaya biriko bifata ingingo zigenewe gutuma impunzi n’abimukira batajabuka ibahari Mediterane bavuye mu gihugu ca Libiya. Ivyo bizotuma izo mpunzi n’abo bimukira bageramirwa mur’ico gihugu.

Mu cegeranyo casohotse ku musi wa kabiri, Amnesty International yamenyesheje kw’amareta y’ibihugu vy’i Bulaya abifisemwo uruhara.

Iryo shirahamwe rivuga ako amareta y’i Bulaya afasha Libiya kurwanya abantu baza mur’ico gihugu mu buryo budaciye mu mategeko, amenyereza abajejwe gukingira imbibe z’igihugu ca Libiya kandi yagiranye amasezerano n’abategetsi bo mur’ico gihugu mu ntumbero y’ukurwanya ubucuruzi bw’abantu.

Impunzi n’abimukira b’abanyafrika ibihumbi amajana n’amajana bafatiwe mu gihugu ca Libiya barageramirwa n’abategetsi b’ico gihugu, hamwe n’imirwi yitwaje ibirwanisho n’abagurisha abantu kenshsi bakorera hamwe ku nyungu z’amafranga.

Ishirahamwe Amnesty International ritangaza ko benshi mur’izo mpunzi n’abo bimukira bafungiwe mu bibanza birimwo abantu b’umurengera aho bafatwa bunyamaswa.

Kubera ibitigiri binini cane vy’impunzi n’abimukira binjiye mu myaka ya vuba ku butaka bw’ibihugu vy’i Bulaya, amareta y’ivyo bihugu yishuye mu kwugara imbibe n’izindi ngingo z’ugutuma abo bantu batabandanya baza mur’ivyo bihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG