Uko wahagera

Amafaranga Reta y'Uburundi Izokoresha Mu 2018 Yemejwe


Domitien Ndihokubwayo, Umushikiranganji w'ikigega ca Reta mu Burundi
Domitien Ndihokubwayo, Umushikiranganji w'ikigega ca Reta mu Burundi

Integuro y’amafaranga reta y’Uburundi izokoresha mu mwaka w’2018 yemejwe ijana ku ijana mu nama nshingamateka.

Muri iyo nteguro reta izokoresha imiriyaridi zirenga 1,220 z’amafaranga y’Amarundi

Muri iyo nteguro, amafaranga reta izokoresha azokwiyongera gushika kuri 4.6 ku ijana ugeranije n’ayo mu 2017.

Ubwo bwiyongere bufatanye n’ubwiyongere butegekanywa ku butunzi hamwe n’ingene ubutunzi bwifashe.

Amafaranga reta izokoreshwa agabanyijwe mu bisata bitandukanye, harimwo ayategekanijwe gukoreshwa ku ndenge y’umukuru w’igihugu yongewe imiriyoni amajana atanu mu gihe mu 2017 yari yahawe imiriyoni 170.

Ku vyerekeye indege, vyateye ibibazo kuri bamwe mu bashingamateka bari mu ngoro y amakoraniro mu kigobe . Aho ni mu gihe, iyo ndenge iri mu minwe ya reta y’Uburundi kuva mu mpera za 2016 akaba atawurayibona igurutse.

Nayo ku bijanye n’amatora mu mafaranga reta izokoresha mu 2018 hategekanijwe imiriyaridi 12.5 mu gihe mu 2017 ayari ategekanijwe ku matora yari imiriyaridi zirenga zitandatu.

Aho rero haheze imisi ibiri hagiyeho itegeko nshikiranganji rigenga intererano y’amatora yo mu 2020.

Icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka Agathon Rwasa yabajijeko igituma habanza kujaho itegeko kandi reta ivuga ko, intererano iba kugushaka.

Kuri ico kibazo umushikiranganji w’ikigega ca reta Domitien Ndihukubwayo yashikirije ko intererano izotangwa kugushaka, yamara ko bashizeho itegeko kugira habe urutonde mw’itangwa ry’iyo ntererano.

Ayo mafaranga reta izokoresha mu 2018 ku ruhande rumwe azova mu makori n’amatagisi. Ayo nayo reta ivuga ko azokwiyongera gushika kuri 9.6 ku ijana.

Ayandi nayo agategekanywa kuva mu nfashanyo mvamakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG