Uko wahagera

Amerika Iriteguye Kuganira na Koreya ya Ruguru Ata Kibanje Gusabwa


Sekreteri wa Reta wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, Rex Tillerson.
Sekreteri wa Reta wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, Rex Tillerson.

Igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika gitangaza ko citeguye kwicarana na Koreya ya ruguru ku meza y’ibiganiro ata kirinze gusabwa. Ivyo vyashikirijwe kur’uyu wa kabiri na Sekreteri wa reta y’Amerika, Rex Tillerson.

Tillerson yongeye kwibutsa ko ivyo biganiro bidashoboka mu gihe ata gahengwe kariho. Avuga ko bigoye kuganira mu nyuma ukaza wumva ikindi gusasu ca misile kiratewe mu kirere, aho yariko yibutsa ibisasu vyarungitswe mu kirere na Koreya ya ruguru mu mezi aheze.

Tillerson yipfuza kwicarana na Koreya ya ruguru amaso mu yandi, mu nyuma bace bashira ku rupapuro ivyo bipfuza kuganirako.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG