Uko wahagera

New York: Ullah Yagirijwe Gushigikira Iterabwoba


Akayed Ullah yaturiukije bombe yari yiboheyeko ku mubiri mu kibanza gikoreshwa n’amatereni agendera musi y’ubutaka mu gisagara ca New York, ku musi wa mbere, yagirijwe gushigikira iterabwoba. Ivyo vyatangajwe n’igipolisi ca New York uno musi ku wa kabiri.

Akayed Ullah, mur’iki gihe imyaka mirongo ibiri n’indwi, yagirijwe kandi icaha c’ugutunga ikirwanisho mu buryo butarekuriwe n’amategeko.

Abategetsi bajejwe kwubahiriza amategeko batangaza ko Akayed Ullah umwimukira ava mu gihugu ca Bangladesh yaturikije bombe yari yibiheyeko ku mubiri yamara ntiturika neza.

Batangaza ko yaravye propaganda ya Reta ya Kiyislamu ku rubuga ngurukanabumenyi. Yabwiye abajejwe itohoza ko yafashe ingingo y’ukugira igitero ca bombe kugira yihore ku gasobmorotso ka Amerika.

Mur’ico gihe abategetsi ba Bangladesh bamenyesha ko bashoboye gutora umupfasoni wa Akayed Ullah n’umwana wiwe mu gisagara ca Dhaka. Batangaza ko bariko barasambisha umupfasoni wiwe.

Perezida wa Amerika Donald Trump yatangaje kw’igitero co ku musi wa mbere vyerekana kw’inama nshingamateka na nkenguzamateka bitegerezwa gutunganya gushasha amategeko agenga abimukira mu ntumbero y’ugukingira Abanyamerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG