Uko wahagera

Abasirikare ba ONU Biciwe muri RDC Batahukwanywe muri Tanzaniya


Ibiziga vy'Abasirikare ba Tanzaniya

Ibiziga vy’abasirikare 14 ba ONU bamuka muri Tanzaniya biciwe muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo ku musi wa kane mu gitero cegekwa ku barwanyi b’Abaganda vyatahukanwa mu gihugu cabo kur'uyu wa mbere.

Bakiriwe nk’intwari mu rugamba n’umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Tanzaniya.

Hambavu y’ivyo, ONU yatangaje ko icegera c’umunyamabanga mukuru ajejwe ibikorwa vyo kubungabunga umutekano, Jean-Pierre Lacroix, ku musi wa kane azogendera igisagara ca Goma, ku musi wa gatanu naho aje i Dar es Salaam ku murwa mukuru wa Tanzaniya.

Lacroix azokwifatanya n’abandi i Goma mu muhango wo kwibuka abo basirikare yongere agendere bagenzi babo bakomeretse mur’ico gitero. Nayo i Dar es Salaam, azoba ajanye ubutumwa ku banyetanzaniya na reta yabo bwo kubashimira ku bikorwa bariko barafasha vyo kubungabunga umutekano.

Ku musi wa gatanu, ONU yavuga ko abasirikare 15 aribo bishwe mur’ico gitero abandi 53 barakomereka. Amakuru yemejwe n’ibinyamakuru muri Tanzaniya avuga ko har’abasirikare babiri banyurujwe bataramenya irengero ryabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG