Uko wahagera

Abakenyezi Bavuye mu Gacerere, Basaba Trump Gutanga imihoho


Abakenyezi Rachel Crooks, ibubamfu, Jessica Leeds, hagati, na Samantha Holvey bagiriza Trump ko yabitwayeko nabi muri kahise
Abakenyezi Rachel Crooks, ibubamfu, Jessica Leeds, hagati, na Samantha Holvey bagiriza Trump ko yabitwayeko nabi muri kahise

Abasenateri bane ba Sena ya Reta zunze ubumwe z’Amerika basavye Perezida Donald Trump gutanga imihoho inyuma y’aho kur’uyu wa mbere yagirijwe ko muri kahise yagize inyifato ku bakenyezi mu kugomba kubashurashuza.

Umwe muri abo basenateri, Kirsten Gillibrand, umudemokrate yamuka muri reta ya New York yavuze ko mu gihe Trump yokwica amatwi, Kongere yoca ikorana vyihuta igatanguza amatohoza kur’ivyo vyagiriji.

Abakenyezi batatu bari barigeze kwagiriza Trump mu mwaka uheze, kur’uyu wa mbere barongeye kugaragaza ukuntu yabagobera mu kurondera kubashurashuza, bavuga ko hageze ko sena y’Amerika ihagurukira ico kibazo ca Perezida.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu, White house vyatangaje ko ivyo vyagiriji kuri Trump ari ibinyoma ataho bifatiye.

Mwomenya ko abagabo barenga cumi bamaze gutanga imihoho mu nama nshingamateka y’Amerika, inyuma y’aho abakenyezi batandukanye bavugiye ko babigenjejeko nabi muri kahise kur’ico kibazo nyene co gushaka kubasambanya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG