Uko wahagera

Tanzaniya mu Myiteguro yo Gutahukana Abasirikare Biciwe muri RDC


Ibiziga vy’abasirikare 15 ba ONU bamuka muri Tanzaniya biciwe muri Republika iharanira demokarasi ya kongo bitegekanijwe ko batahukanwa muri Tanzaniya ku musi wa kabiri canke wa gatatu. Ivyo vyatangajwe kur’uyu w’Imana n'igisirikare ca Tanzaniya.

ONU ivuga ko abo basirikare biciwe ahitwa Semuliki, mu ntara ya Kivu y’uburaruko ku musi wa kane w’indwi irangiye, bishwe n'abarwanyi b’umuhari ADF barwanya intwaro ya Yoweli Museveni haraheze imyaka 31.

Muri Tanzaniya, Jenerali James Mwakibolwa agira kabiri mu bategetsi ba gisirikare yatangaje ko abo basirikare baguye mu ntambara yamaze amasaha 13 barwana n’abo barwanyi ba ADF bari baje kubatera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG