Uko wahagera

Raila Odinga Ntakirahiye Kur'uyu wa Kabiri


Raila Odinga, Umukuru w'Abatavugarumwe n'ubutegetsi muri Kenya
Raila Odinga, Umukuru w'Abatavugarumwe n'ubutegetsi muri Kenya

Abatavugarumwe n’ubutegetsi muri Kenya babaye basibije ibirori vyo kurahiza umukuru wabo Raila Odinga nk’umukuru w’igihugu, yanse kwitaba amatora y’umukuru w’igihugu mu kwezi kwa cumi. Ivyo vyashikirijwe n’umugambwe wiwe kur'uyu w’Imana.

Urunani NASA ruhurikiyemwo abatavugarumwe n’ubutegetsi rwari rwateguye ibirori vyo kurahiza Odinga nk’umukuru w’igihugu kur’uyu wa kabiri, umusi Kenya gihimbaza intahe yo kwikukira, inyuma y’indwi zibiri Perezida Uhuru Kenyatta arahiriye ikiringo ca kabiri c’umukuru w’igihugu.

Urunani NASA rwatangaje ko iyo ngingo yafashwe inyuma y’imibonano ikomeye rwagiranye n’impande zitari nke mu gihugu no mu makungu batashimye kuvuga.

Umushikirizamanza mukuru wa Republika muri Kenya yari yaragabishije mu ndwi iheze ko mu gihe Raila Odinga yari kurahira yari kuba ahemukiye igihugu, kandi bihanishwa igihano co gupfa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG