Uko wahagera

Imiriro muri Califoriya Imaze Gutongora Hegitare Zirenga Ibihumbi 400


Abazimya imirimo barabandanya guhangana imiriro y’inkazi mu bumanuko bwa Californiya muri reta zunze ubumwe z'Amerika kur’uyu wa gatanu, ukaba umaze no gutandukira uburaruko bw’igisagara ca San Diego.

Mu misi itanu iheze, uwo muriro umaze gusambura inyubakwa zishika 500, abantu bashika ibihumbi 190 barataye ingo zabo.

Abazimya imiriro barenga ibihumbi 5,700 bafashijwe na za kajugujugu bariko barafasha gucucagira amazi ku bibanza bitandatu uwo muriro uvugwamwo kuva ku musi wa mbere.

Hari haheze indwi zike umuriro nk'uyo mu buraruko bwa Californiya wishe abantu 44 usambura amazu y’abantu 8,900 hamwe n’amagorofa.

Deparotema ijejwe amashamba n’ugukingira imiriro yatangaje kur’uyu wa kabiri ko iyo miriro imaze gutongora amahegitare arenga ibihumbi 400 mur’uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG