Uko wahagera

Imyiyerekano Yiyamiriza Ingingo ya Trump mu Bihugu vy'Abayisilamu


Imyiyerekano mu ntara ya Cijordaniya

Igipolisi ca Isirayeli cateye ivyuka bikoroza amosozi ku Banyepalestina bari mu myigaragamvyo i Betelehemu kur’uyu wa gatanu, umusi wari wiswe ko ar’uwo kugaragaza ishavu, inyuma y’aho ku musi wa gatatu Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika atangarije ko Yerusalemu izogirwa ar’umurwa mukuru wa Isirayeli.

Igipolisi ca isirayeli cafashe ingingo zikomeye zo gucungera umutekano I Yerusalemu.

Abantu baharurwa mu bihumbi bagize imyigaragamvyo kur’uyu wa gatanu mu bihugu vyinshi vy’Abarabu n’Abayisilamu biyamiriza iyo ngingo.

Nta bantu baravugwa ko basize ubuzima mur’iyo myiyerekano yabaye inyuma y’amasengesho y’Abayisilamu yo kur’uyu wa gatanu, kandi abayitavye babaye bake ugereranije n'uko vyari vyitezwe.

Ibihugu iyo myiyerekano yabayemwo ni Yorodaniya, Misiri, Libani, Siriya, Iraki, Afuganistani, Pakistani, Maleziya, Indoneziya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG