Uko wahagera

Sentare ya Liberiya Iremeza ko Amatora Yagenze Neza

Le vice-président libérien Joseph Boakai, 16 octobre 2017, et l’ancien joueur de football et ambassadeur de bonne volonté de l’Unesco, Goerges Weah, 5 août 2014, les deux candidats au second de la présidentielle au Liberia.

Sentare nkuru ya Liberiya kur’uyu wa kane yatanze uburenganzira bw’uko igice ca kabiri c'amatora y’umukuru w’igihugu abandanya, mu kuvuga ko ata vyemezo bifadika bishigikira ibirego vyashikirijwe vy’uko yabayemwo ubusuma.

Igice ca kabiri c’amatora hagati ya George Weah yahoze ar’umukinyi rurangiranwa w’umupira w’amaguru hamwe n’icegera c’umukuru w’igihugu Joseph Boakai cari cabanje kurindirizwa inyuma y’aho umugambwe, Liberty Party ushikirije ibirego vy’uko amatora yo kw’itariki 10 y’ukwezi kwa cumi yabayemwo ubusuma.

Ariko sentare yatangaje kur’uyu wa kane ko ivyo birego bidafadika kugira ivyavuye mu matora y’igice ca mbere bifutwe. Umurwi ujejwe gutunganya amatora muri Liberiya wasabwe gutunganya neza intonde z’abiyandikishije imbere y’uko hatunganwa igice ca kabiri c'amatora.

Abazotora kur'iyo sango itaramenyeshwa bazohitamwo uwuzosubirira Perezida Ellen Johnson Sirleaf, umukenyezi wa mbere ku mugabane arongoye igihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG