Sentare nkuru ya Liberiya kur’uyu wa kane yatanze uburenganzira bw’uko igice ca kabiri c'amatora y’umukuru w’igihugu abandanya, mu kuvuga ko ata vyemezo bifadika bishigikira ibirego vyashikirijwe vy’uko yabayemwo ubusuma.
Igice ca kabiri c’amatora hagati ya George Weah yahoze ar’umukinyi rurangiranwa w’umupira w’amaguru hamwe n’icegera c’umukuru w’igihugu Joseph Boakai cari cabanje kurindirizwa inyuma y’aho umugambwe, Liberty Party ushikirije ibirego vy’uko amatora yo kw’itariki 10 y’ukwezi kwa cumi yabayemwo ubusuma.
Ariko sentare yatangaje kur’uyu wa kane ko ivyo birego bidafadika kugira ivyavuye mu matora y’igice ca mbere bifutwe. Umurwi ujejwe gutunganya amatora muri Liberiya wasabwe gutunganya neza intonde z’abiyandikishije imbere y’uko hatunganwa igice ca kabiri c'amatora.
Abazotora kur'iyo sango itaramenyeshwa bazohitamwo uwuzosubirira Perezida Ellen Johnson Sirleaf, umukenyezi wa mbere ku mugabane arongoye igihugu.
Facebook Forum