Uko wahagera

Abanyamerika Bafata ingendo Baragabishwa


Deparotema ya reta ya Reta zunze ubumwe z’Amerika yagabishije Abanyamerika bafata ingendo kw’isi nzima kuba magabo, inyuma y’aho kur’uyu wa gatatu Perezida Donald Trump atangarije ko Yerusalemu igiye kuba umurwa mukuru wa Isirayeli.

Ukwo kugabisha kuvuga ko Abanyamerika bokurikiranira hafi uko ibintu bitera bimera kandi bakaguma bavugana na Ambasade z’Amerika mu bihugu barimwo. Basabwa kandi kuba maso igihe cose bafashe ingendo.

Ibihugu birabwa n’iryo gabisha birimwo Burkina Faso, Uburundi, Kameruni, Republika ya Centrafrika, Chad, Kongo, Eritreya, Etiyopiya, Kenya, Mali, Mauritaniya, Nijeri, Nigeriya, Somaliya, Sudani, Sudani y’ubumanuko.

Ibindi ni Koreya ya ruguru, Philippines, Turukiya, Ukraine, Aljeriya, Misiri, Irani, Iraki, Isirayeli, intara ya Sijordaniya, Yorodaniya, Libani, Libiya, Arabiya sawudite, Siriya, Tuniziya, Yemeni, Afuganistani, Bangladesh, Pakistani, Colombiya, El Salvador, Haiti, Honduras, Mexico, na Venezuela.

Igabisha nk’iryo riheruka mu mwaka wa 2003 inyuma y’aho hatanguriye intambara muri Iraki, aho Deparotema ya reta yibaza ko al-Qaida yari kubangamira umutekano w’Abanyamerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG