Uko wahagera

Cristiano Ronaldo Yatsindiye Umupira w'Inzahabu ku Ncuro ya Gatanu


Umukinnyi Cristiano Ronaldo wa real Madrid hamwe n'imipira y'inzahabu 4 amaze gutsindira.

Cristiano Ronaldo, umukinyi rurangiranwa mu rukino rw'umupira w’amaguru yamuka muri Portugal. Ni we yatahukanye umupira w’inzahabu mur'uyu mwaka wa 2017. Ibaye incuro ya gatanu atsindiye uwo mupira, akaba aciye anganya na Lionel Messi yamuka muri Argentine. Messi akinira ikipe Barcelona yo muri Esipanye

Uwo mukinyi Ronaldo w’imyaka 32 yar’aheruka no gutahukana igikombe c’imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo ku mugabane wa Buraya mu mwaka w’2017, irangira yongeye kuba umukinyi wa mbere yatsinze ibitsindo vyinshi,12.

Yaragize uruhara rukomeye cane kugira umurwi wa Real Madrid akinamwo ube uwa mbere mw'irushanwa ry'umupira w'amaguru muri Esipanye no kw'isi..

Ronaldo yatsindiye imipira y’inzahabu mu myaka ya 2008, 2013, 2014, 2016, 2017.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG