Uko wahagera

Yerusalemu Yemejwe kuba Umurwa Mukuru wa Isirayeli


Perezida w'Amerika, Donald Trump
Perezida w'Amerika, Donald Trump

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump yatangaje ko Amerika yemeje ku mugaragara ko Yerusalemu ari umurwa mukuru wa Isirayeli kandi ko agiye gutanguza umugambi wo gukura Ambasade y’Amerika mu gisagara ca Tel Aviv. Iyo ngingo iriko iratangura kuvugwa nabi mu bihugu vyinshi vyo kw’isi.

Ibihugu vy’Abarabu n’Abayisilamu vyagabishije ko bishobora kuvyura uruhagarara mur’ako karere no kubangamira utwigoro twa Amerika two guhuza Abarabu na Isirayeli.

Abanyepalestina bahamagariye abanyagihugu babo mu misi itatu yo kwiyamiriza uwo mugambi wa Trump.

Papa Faransisiko yashikirije ashimitse amakenga kur’iyo ngingo, mu gihe Turukiya yatumyeko inama y’ishirahamwe ry’ibihugu vy’Abarabu kugira barabire hamwe ico bagiye gukora. Irani yavuze ko iyo ngingo yafashwe ari ukwihenda, iteye kubiri n’amategeko, ari agasomborotso kandi iteye ubwoba.

Sekreteri wa reta wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Rex Tillerson yatangaje kur’uyu wa gatatu ko Amerika iciyumvira ko ar’akaryo keza ku mahoro hagati ya Isirayeli n’Abanyepalestina.

Perezida Bill Clinton yahoze atwara Amerika niwe yameje mu mwaka w’1995 ko Ambasade y’Amerika ibwirizwa kwimurirwa i Yerusalemu. Kuva ico gihe uko amezi atandatu ashize Perezida yama asinya irindi tegeko ryo kubangira kur’iyo ngingo ku mvo z’umutekano wo mu gihugu hagati.

Abaperezida batwaye Amerika kuva kuri Clinton barasinye iryo itegeko ryo kubangira harimwo na Trump.

Dennis Ross, Umudipolomate yafashije mu mugambi w’amahoro mu karere k’uburasirazuba bwo hagati ku ntwaro z’Abaperezida batatu kandi yanakoranye n’Abanyesirayeli n’Abanyepalestina yavuze ku musi wa kabiri ko Trump yugururiye Isirayeli n’Abarabu akaryo kugira barabe icokorwa.

Bamwe mu bategetsi i Washington bashikirije amakenga kur’iyo ngingo ko ishobora kubangamiro inyungu za Isirayeli na Amerika mu karere.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire bw’Amerika bwabujije abakoze ba reta hamwe n’imiryango yabo kugira ingendo kur’uyu wa gatatu i Yerusalemu hamwe no mu ntara ya Cijordaniya, harimwo na Betelehemu na Yeriko, ahahamagariwe imyiyerekano ikomeye.

Ambasade z’Amerika kw’isi zahawe itegeko ryo gukomeza ingingo z’umutekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG