Uko wahagera

Namibiya Yagirizwa Kunyegeza Amafaranga y'Abadatanga Amakori


Windhoek, Umurwa mukuru wa Namibiya

Abategetsi ba Namibiya baneguye kuri uno wa gatatu, ingingo y'umuryango w' ubumwe bwa Bulaya ishira ico gihugu ku rutonde rushasha rw’ibihugu binyegezwamwo amafaranga y’abashaka guhunga amakori .

Umushikiranji w'ikigega ca Leta muri ico gihugu, Calle Shlettwein, asigura ko gushirwa ku rutonde rw'ibihugu binyegeza amafaranga y'abadatanga ama tagisi n'amakori ari akarenganyo katagira izina, akndi bishobora gucafuza izina ry'igihugu ciwe.

Namibiya nico gihugu conyene co muri Afrika yo musi y’ubugararwa bwa Sahara kiri ku rutonde rw’ibihugu cumi n’indwi bitari mu karere k’i Bulaya vyagirizwa kunyegezwamwo amafaranga y’abashaka guhunga amakori.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG