Uko wahagera

Nijeriya Irabandanya Gutahukana Abayo Babohewe muri Libiya


Abanyanijeriya 144 bari babohewe mu makambi muri Libiya kur’uyu wa kabiri niho bashika ku murwa mukuru Lagos, ni mu mugambi ico gihugu cihaye wo gutahukana vyihuta abanyahihugu baco bariko bacurwa bufuni na buhoro muri Libiya.

Ku musi wa mbere, Tiwatope Adeleye Elias-Fatile, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu yari yashikirije ko ubuserukizi bwa Nijeriya muri Libiya, bwifatanije n’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi n’abimukira OIM bagendeye amakambi afungiwemwo abo bimukira.

Ambasade yasanze abashika 2.778 aribo biteguye gutahuka ku bushake bwabo, nkuko vyashikirijwe n’ubwo bushikiranganji.

Nijeriya yiyemeje gutahukana abimukira bayo 250 buri ndwi ku murwa mukuru Legos, aho bazova baca barungikwa mu bisagara bavukamwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG